Imyiyerekano kw'iturirwa rya Koran muri Afghanistan

Imyiyerekano kubera iturirwa rya Koran muri Afghanistan Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyiyerekano kubera iturirwa rya Koran muri Afghanistan

Imyiyerekano yo kwiyamiriza Amerika nyuma y'iturirwa ry'ibitabo vyeranda vya Islam, Koran, mu nkambi y'abasoda ba Amerika muri Afghanista itandukiriye umunsi ugira kane.

Abantu bashika kuri 12 biciwe mu myiyerekano yakurikiye amasengesho yo kuwa Gatanu.

Nayo i Kabul ku murwa mukuru wa Afghanistan, abajejwe umutekano barashe hejuru ngo bakumire abiyerekana bariko berekeza ku biro biserukiye Amerika.

Bashaka kandi kuja ku biro bikuru vy'ishirahamwe ry'abivunira umwanshi hamwe, OTAN, hakaba hakomeretse abantu batandatu.

Imyiyerekano kandi yabereye ahandi hantu henshi mu gihugu cose ca Afghanistan.

Ku munsi wa kabiri, abasirikare ba Amerika mu nkambi irihanze y'umuji wa Kabul, baturiye ibitabo vya Koran batse impfungwa bavuga ko zabikoresha mu kuganira mw'ibanga.

Mw'ijambo umukuru wa Amerika, Barack Obama yashikirije ejo, yavuze ko izo Koran zitaturiwe ku gushaka.

Abanye Afghanistani barenga 15 hamwe n'abasirikare ba Amerika babiri baramaze gusiga ubuzima mu myiyerekano yo muri ino ndwi.