Ubwato bwo muri Italy bwagomye hafi ya Seychelles

Costa Allegra Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwato Costa Allegra

Ubwato Costa Allegra n'ubwo ishirahamwe Costa Concordia ryo mu gihugu c'Ubutaliyano, ari naryo nyene ubwato buheruka kugirira isanganya ku nkengera z'Ubutaliyano.

Ubwato Costa Allegra bwazimijwe imoteri bumaze gufatwa n'umuriro mw' ibahari Indiano.

Bene ubwo bwato bari banse ko bujanwa mw'izinga riri hafi yaho kuko ritari rifise ivya ngombwa.

Ubwo bwato bwaciye kujanwa ku kazinga ka Mahe, kamwe mu mazinga ya Seychelles, haroshejwe ubundi bwato.