Senegal izosubira mu matora ubwa kabiri

Abdoulaye Wade-Macky Sall
Image caption Abdoulaye Wade na Machy Sall bazongera guhiganwa

Inyuma y'aho ibiharuro vy'infatakibanza bimariye kwerekana ko president wa senegal Abdoulaye Wade n'abo bahiganwa ata washikanye 50%, biteze incuro ya kabiri y'amatora.

President Wade ariko yitoreza kuyobora igihugu ku ncuro ya gatatu n'ubwo ibwirizwa nshingiro riteganya ibiringo 2 gusa.

Akimara gufata iyo ngingo vyateye umudurumbanyo mu gihugu kubera abadashigikiye ubutegetsi bihereje amabarabara bayiyamiriza.

Ariko mu matora yo ku munsi w'Imana umutekano wari umeze neza, ubu wade yiteze kongera guhiganwa n'uwahoze ar'umushikiranganji wa mbere wiwe Machy Sall.