Syria: Ibitero vyo ku butaka vyatanguye i Homs

Imirwano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imirwano muri Syria

Amakuru ava muri Syria avuga yuko igitero co hasi ku butaka mu muji ugira gatatu mukuru, Homs, catangujwe.

Umwe mu bategetsi ba Syria yavuze yuko igisirikare ca leta kiza kunoza district ya Baba Amr, ahari amajana y'abitwaje ibirwanisho.

Baba Amr imaze indwi zine iterwa ibisasu.

Umwe mu bari hafi yaho yavuganye na BBC yavuze yuko imihora y'itumanako nka yose yaciwe, kandi ngo ibisasu vyatewe kuva mu gitondo.