Abanyamakuru biciwe muri Syria batowe ibiziga

Marie Colvin na Remi Ochlik Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Marie Colvin na Remi Ochlik, abanyamakuru biciwe muri Baba Amr.

Umuryango Croix Rouge umenyesha ko ibiziga vya Marie Colvin na Remi Ochlik bimaze kujanwa ku murwa mukuru Damascus na Ambulance.

Croix Rouge ivuga ko abanyamakuru Edith Bouvier na William Daniels, bajanywe mu kinyegero muri Libani n'abarwanya ubutegetsi bwa Syria bamaze gushika mu Bufaransa.

Edfith Bouvier yarakomeretse cane mu kitero cabaye mu ndwi iheze, ariko William Daniels yarokotse.