Kenya yatanguje umushinge w'iicambu ca Lamu

Icambu ca Lnmu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ahazoja icambu ca Lamu, ku nkengera za Kenya

President Mwai Kibaki yatanguje umugambi wo kubaka icambu ca Lamu ari kumwe na president wa Sudani y'amaj'epfo, n'uwa Ethiopia.

Abo bakuru b'ibihugu bavuga ko bizeye kw'ico cambu ca Lamu gitanga inzira kw'ibahari Indiano kizofasha gutez'imbere ubutunzi bw'ibihugu vyabo.

uwo mugambi uzomara imyaka ine urimwo kubaka imiringoti itwara igitoro, ibarabara ryagutse kandi rinyaruka kumwe n'inzira ya gali ya moshi bihuza ivyo bihugu vyose.

Sudani y'amaj'epfo iranezerejwe cane n'iyo miringoti izoyifasha gushora igitoro itarinze kuzer'inze kuri Republika ya Sudani yonyene.

Abanegura iyubakwa ry'ico kivuko n'ibindi biri mur'uwo mugami bavuga ko bishobora konona isi n'ibidukikije harimwo ibinyabuzima vyo mu mazi, batibagiye ikibazo co kwimura abantu mu matongo yabo ari aho bakeneye gukoresha.