AMISOM ikomeza gusohora AL Shabaab iMogadishu

Mogadishu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare ba Somalia bariko bagenzura umuji wa Mogadishu

Ingabo ziri mu rwego rw'ubumwe bwa Afrika zagiye kugarukana amahoro muri Somalia zazindutse zigaba ibitero ku batrwanyi ba Al shabaab mu gace ko mu murwa mukuru Mogadishiu.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Somalia avuga ko ingabo za AMISOM zazindutse zigaba ibitero ziri kumwe n'ingabo za leta y'infatakibanza ya Somalia, zikoresheje indege zibiri.

Hatanguye kuba ingwano ikomeye cane imbere y'uko Al shabaab baheba bakahava.

Iki gitero kibaye ica nyuma mu rukurikirane rw'ibindi vyagabwe mu ntumbero yo kwomora aba Al shabaab mu muji wa Mogadishiu.