Intwaro zaturikiye i Brazzaville

Intwaro zaturikiye i Brazzaville Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Intwaro zaturikiye i Brazzaville

Abategetsi bo muri Congo/Brazaville batabaje amahanga nyuma yaho ububiko bwarimo intwaro buturikiye ejo mu murwa mukuru wa Brazaville.

Abategetsi baravuga ko abantu baguye muri iyo mpanuka bagera kw'i 150 naho abarenga 1.500 bagakomereka.

Abatabazi baracyashakisha abarokotse, ariko bavuze ko biteye impungenge nyinshi kwinjira mu nzu yaturikiyemo izo ntwaro nubwo baziko harimo imirambo y'abantu.

Leta ya Congo/Brazaville iravuga ko iyo mpanuka yatewe n'amashanyarazi.