Umutegetsi wa Syria yavuye muri leta

Abdo Eddin yavuye muri leta ya Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abdo Eddin yavuye muri leta ya Syria

Icyegera cy'umushikiranganji wa Syria ushinzwe ibitoro, Abdo Hussm-Eddin, yavuzeko yavuye muri leta akaba asanze abayirwanya bavuga ko baharanira amatwara mashya muri Syria.

Bwana Abdo niwe mutegetsi mukuru wa mbere uhinduye ibirindiro kuva aho imyigaragambyo yo gusaba Prezida Assad kuva kubutegetsi itangiriye hashyize umwaka umwe.

Muri video yabonetse ku rubuga rwa internet, bwana Hussam-eddin yavuze ko yiteze ko abategetsi ba Syria niba byumva baribuze gutwika inzu ye bakanahiga umuryango we.

Yasabye abandi bantu bo muri leta kuva kuri Prezida Assad.