Roberto di Matteo ashima abakinyi ba Chelsea

Umumenyereza mfatakibanza wa Chelsea, Roberto di Matteo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umumenyereza mfatakibanza wa Chelsea, Roberto di Matteo

Umumenyereza mfatakibanza wa Chelsea, Roberto di Matteo, yakeje abakinyi ba Chelsea bavyifashemwo neza mu gitsinda Napoli 4-1 bakandanya muri Champions League.

Branislav Ivanovic yatsinze mu minota ya nyuma y'umwanya wongeweko, Chelsea ica ibandanya ku bitsindo 5-4 ku nkino zose zibiri.

Didier Drogba, John Terry na Frank Lampard bose baratsinze mu rukino rw'ejo.

Dimatteo yagize ati: "Bamwe mu bakinyi ntibari bagishobora kwiruka kubera umuruho mu maguru ariko barabandanije urugamba.

"Narinzi yuko biza kutugora cane kugira dutsinde ariko abakinyi bose bakinye neza cane."

Chelsea yari yatsinzwe 3-1 mu rukino rwa mbere i Naples, niyo yatanguye kwinjiza ejo igitsindo cinjijwe n'umutwe na Drogba.

Terry nawe yinjije n'umutwe ahawe na Lampard ateye mu mfuruka, iyo migwi ica iranganya imbere yuko Gokhan Inler yinjiza ica Napoli igaca isubira kuja imbere.

Lampard yatumye hongerwa iminota nyuma yo kwinjiza penaliti, yavuye kuri Andrea Dossena yakoze umupira n'amaboko, Ivanovic aca yinjiza ciza cane ku munota w'104, aha intsinzi Chelsea.