Abateje akaguma mu mupira mu Misiri bagirijwe

Akaguma ku kibuga ca Port Said mu Misiri Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Akaguma ku kibuga ca Port Said mu Misiri

Umushinjacaha mukuru mu Misiri yagirije abantu 75 kugira uruhara mu kaguma kadutse mu rukino rw'umupira w'amaguru mu kwezi guheze hagapfa abantu barenze mirongo indwi.

Iyo migumuko yabereye i Port Said itariki imwe z'ukwa kabiri mu mpera z'urukino hagati y'imigwi El-Masry na El-Ahly y'i Cairo.

Itohoza ry'inama nshingamateka ryashize amakosa ku bapolisi, ku kuntu bafashe minenerwe impungenge zariho imbere y'urukino, z'uko hari guhava haduka akaguma.

Ako kaguma kakurikiwe n'iminsi y'imyiyerekano, ibihumbi vy'abantu bagiriza umugwi w'igisirikare utwara igihugu kuba warananiwe gukingira abantu bikwiye.