Tanzania: Ivangura ku bana barwaye SIDA

Ikimenyetso gitukura ku mpuzu y'umwana afise umugera wa SIDA
Image caption Ikimenyetso gitukura ku mpuzu y'umwana afise umugera wa SIDA

Amashirahamwe y'agateka ka zina muntu muri Tanzania avuga ko gushira ikimenyetso ku bana barwaye umugera wa Sida ari uguhonyara agateka kabo.

Abana mu mashure amwe amwe babwirijwe gushira ibimenyetso bitukura ku mpuzu zabo z'ishure, ngo vyerekane ko bafise umugera wa SIDA.

Umukuru w'ishirahamwe rijejwe indwara ya SIDA mu karere ivyo bintu bikorwa, yavuze ko binyuranije n'amategeko gushira ahagaragara uko amagara y'umuntu yifashe, ngo kuko bitegerezwa kugirwa ibanga.

Umukuru wa rimwe mu mashure abikora, yasiguye ko ari kugira ngo bakingire amagara y'abo bana babana n'umugera wa SIDA.

Yavuze ko abanyeshure bafise ikimenyetso gitukura ku mpuzu badakoreshwa ibikorwa bisaba inguvu nko gukubura hamwe no kuvoma amazi, bishobora kubangamira amagara yabo.