Perezida Karzai aridogera US

President Hamid karzai Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption President Karzai

Perezida Hamid Karzai yagiriza US ko zidashaka gukorana na Afghanistan canke korohereza igikorwa c'iperereza ku kumenya uko ubwicanyi bwahitanye abanyagihugu 16 burerwa umusirikare wa Amerika bwagenze.

Perezida Karzai ivyo yabishikirije mu gihe yari kugendera imiryango y'ababuze, aho bamwe bavuze ko ubwo bwicanyi butakozwe n'umuntu umwe gusa.

Uwukekwa gukora ubwo bwicanyi yajanywe muri Kuwait, ubu bikaba vyitezwe ko ajanwa muri Amerika kuburanywa na sentare ya gisirikare.

Hagati muri Afghanistan har'abifuza ko yoburanishirizwa mur'ico gihugu.