Urubanza rwa Munyenyezi rwasheshwe muri US

Rwanda Uwufise ububasha kw’isanamu n
Image caption Rwanda

Urubanza rw'umunyarwandakazi Beatrice Munyenyezi rwabera muri Leta zunze ubumwe za Amerika rugiye kongera gusubirwamwo kubera vyananiranye ko abunganira abacamanza babaniwe kumvikana ku ngingo imwe bose.

Abashingantahe bananiwe kwemeza niba icaha kimuhama canke kitamuhama.

Beatrice Munyenyezi mu vyo arerwa, harimwo kuba yarabeshe ku ruhara rwiwe muri jenoside kugirango abone ubwenegihugu bwa Amerika.

Uwumwunganira mur'urwo rubanza, Maitre David Ruoff avuga ko Beatrice Munyenyezi ahakana icaha, kandi ko ata mutahe umurondera wavuye mu gihugu c'Urwanda.

Ku kibazo co kumenya ibigiye gukurikira, David Ruoff avuga ko abacamanza bazokongera gukorana bakaraba ko hotangwa yandi mafaranga, hagatangura urundi rubanza.

Urubanza rwa mbere rwatwaye amafaranga aharurwa hagati ya miliyoni 2 na zitatu z'ama dollars.