Galgalato yakuwe mu maboko ya Al Shabaab

shabaab Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Umurwanyi wa Al Shabaab

Bubaye ubwa mbere ingabo za leta y'infatakibanza ya Somalia zikura mu maboko ya Al Shabaab ikibanza kiri hanze y'umurwa mukuru Mogadishu.

Umunyam,akuru wa BBC yagiye mur'ico gice ca Galgalato kiri ku km 30 uva ku murwa mukuru Mogadishu, avuga ko kiboneka nk'icakoreshejwe nk'ikambi ya gisirikare.

Yahabonye amahema n' imivo binyegezamwo.

Habaye gukozanyako gatoya ariko abarwanyi bo mu mutwe wa Al Shabaab baciye bahava imbere y'uko ingabo za leta zihashika, zifatikanije n'iza AMISOM.