Uwukekwa ko yarashe Itoulouse arasugerejwe

France Toulouse siege Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption France Toulouse siege

Umugabo akekwa ko yarashe abana batatu n'umwigisha w'idini kw'ishure ry'abayahudi rya Toulouse, Muhammed Merah, yiyugaraniye mu nyubakwa aho yugarijwe n'abapolisi.

Uwo mugabo w'imyaka 24, afise amamuko ya Algeria, yatereye inkoho hanze.

Ariko umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Claude Gueant, avuga kw'agifise ibindi birwanisho.

Igipolisi cagerageje kuganira n'uyu mugabo, kandi abandi bantu bose baba mur'izo nyubakwa bakuweyo.

Muhammed Merah ngo yoba yabwiye abapolisi ko yakoreshejwe ubwo bwicanyi no gushaka kwihorera abana b'abanya Palestina.

Ngo yashaka kandi no guhana Ubufaransa kuko bwarungitse ingabo muri Afghanistan, igihugu yar'amaze kugendera.

Umushikiranganji wa mbere wa Palestina Salam Fayyad, avuga ko abagira ubukozi bw'ikibi batoja baritwaza izina rya Palestina.