Mali havugwa itembagazwa ry'ubutegetsi.

Capitain Amadou Haya Sanago Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ifoto ya Capitain Amadou Haya Sanago, atangaza kuri TV ko ubutegetsi bwa A T Toure bwakombowe

Mu gihe bivurwa ko umukuru w'igihugu Amadou Toumani Toure ari mu kinyegero, abasirikare bagumutse bamaze guhagarika abashikiranganji batari bake, n'abakuru b'ingabo bo mu rwego rwo hejuru.

Ubufaransa buhamagarira abanyemali gukomeza kwitegurira amatora, nayo ubumwe bwa Afrika bwatey'ivyatsi iryo tembagazwa ry'ubutegetsi.

Abasirikare bavuga ko bababajwe no kubona abarwanyi b'aba Toureg bigarurira akarere ko mu buraruko bwa Mali.

Bata ishavu ryo kunanirwa urwo rugamba ku buyobozi bwabo bavuga ko ari bubi, kubura ibikoresho bikwiye n'ibifungurwa.