Toulouse: Muhammed Merah yapfuye

Muhammed Merah
Image caption Muhammed Merah

Muhammed Merah, avuga ko ari umunywanyi wa Al Qaeda yari amaze kwica abantu 7 mu Bufaransa yarashwe ariko ahunga aba polisi bari bamenye inzu yari yinyegejemwo kuva ejo.

Umushikirizamanza w'Ubufaransa Francois Molins, avuga ko Muhammed Merah yarashe amasasu 30 abapolisi igihe yasohoka mu bwihisho yar'amazemwo amasaha arenga 30.

Yakomerekeje bamwe mu bapolisi imebre yo kwicwa arashwe mu mutwe, ariko ashaka gusimba ava muw'igorofa.

Bamusanze hasi yapfuye, yambaye inkinzo itamenwa n'amasasu mu gikaraza.

Abapolisi basanze kandi camera yafatishije amasanamu y'ubwicanyi yakoze.

President Nicolas Sarkozy avuga ko igihugu gikomeza kurondera kumenya niba hari abandi bakorana ubwo bubisha.

President Sarkozy avuga ko aba Islamu batokumirwa kubera ibikorwa vya Muhammed Merah.