Maroc:Abagore biyamiriza gushingirwa ababahohoteye

Maroc Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Maroc imyiyerekano yo gusaba ubunganzira bw'abagore

Amashirahamwe y'abakenyezi nayo abanyapolitique muri Maroc, bamye mu mpari kw'itegeko rihana abafashe abakobwa badakwije imyaka ku nguvu, ryemerera abakoze ivyo vyaha kubabarirwa mu gihe bemeye kubarongora.

Ivyo biganiro bikurikiye ivyabaye mu kwezi guheze, aho umukobwa umwe aherutse kwiyahura kubera yategetswe kurongorwa n'umugabo yamufashe ku nguvu.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Maroc avuga k'uwo mukobwa yaturuka mu muryango w'abantu bakene bo hagati mu gihugu, aho babona ko kumushingira kuwamuhohoteye bimusubiza agateka bikagasubiza n'umuryango wiwe.