Ba rushimusi b’amato bahagurikiwe

Ishimuta ry'amato ku nkengero za Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ishimuta ry'amato ku nkengero za Somalia

Umuryango w’ubumwe bw’Uburayi wiyemeje kwagura ibikorwa by’ingabo zawo zirwanya ba rushimusi b’amato mu nkengero z’akarere ko mu ihembe rya Afurika.

Usibye kugaba ibitero kuri ba rushimusi mu nyanja, amato y’intambara y’uwo muryango yanemerewe kubagabaho ibitero ku butaka.

Abaminisitiri b’ingabo bo mu bihugu bigize umuryango w’ubumwe bw’Uburayi kandi bongereye imyaka ibiri ku gihe izo ngabo zirwanya ba rushimusi b’amato zari zarahawe.

Amato menshi y’intambara yo mu bihugu bigize umuryango w’ubumwe bw’Uburayi ari mu nkengero z’akarere ko mu ihembe ry’Afurika aho acungera umutekano w’amato atwara ibintu n’abantu kandi akanarinda imfashanyo igenewe abari mu kaga.

.