Syria yemeye umugambi wa Kofi Annan.

Kofi Annan muri Chine Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Intumwa ya ONU n'ishirahamwe ry'ibihugu vy'abarabu muri Syria Kofi Annan ageze mu Bushinwa

Umuvugizi wa Kofi Annan yemeza ko Syria yemeye umugambi wa Kofi Annan ugizwe n'ingingo zitandatu.

Uwo mugambi ushingiye ku gukurikirana ihagarikwa ry'intambara kuzokorwa n'intumwa zorungikwa muri Syria, gukura ingabo za leta mu bice birimwo batavuga rumwe na leta, no korohereza infashanyo kuhagera.

Umuvugizi wa Kofi Annan ariko ashimangira ko uwo mugambi uzogira akamaro bivuye ku buryo washizwe mu ngiro.

Intumwa zarungitswe n'ishirahamwe ry'ibihugu vy'abarabu gukurikirana ihagarikwa ry'intambara muri Syria zavuyeyo ataco zishitseko.

Muri kino gihe Kofi Annan ariko aragendera Ubushinwa, igihugu giheruka guhamagarira Syria kubahiriza umugambi w'iyo ntumwa y'ibihugu vy'abarabu n'ishirahamwe mpuzamakungu.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko hamwe ubushinwa n'Uburusiya vyoshigikira uwo mugambi wa Kofi Annan, vyotuma leta ya Syria yemera kuwukurikiza.