Al Jazeera ntizosohora amashusho y'iToulouse

Toulouse Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ahiciwe abantu Toulouse

Television ya Al Jazeera ntizotangaza amashusho ku bwicanyi bwabaye mu Bufaransa mu minsi iheze, kuko ngo ata kintu gishasha yongera ku vyo abantu bari bazi.

Al Jazeera ivuga kandi kw'ayo mashusho adahuye n'umurongo ngenderwako wayo, uranga ibiganiro bicishwa kur'iyo mbonerakure.

Perezida w'Ubufaransa NIcolas Sarkozy yari yasavye ama Televisions kudatangaza ayo mashusho, mu ntumbero yo kubahiriza abazize ubwo bwicanyi n'imiryango yabo.

Umugabo yakoze ubwo bwicanyi, Muhammed Merah, yahitanye abantu indwi iToulouse no mu micungararo yaho.

Igipolisi kiriko kirondera uwo bari bafatanije, yoba yarungikiye ayo mashusho ASl Jazeera.