Papa muri Cuba

Papa Benedicto 16 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa Benedicto wa 16 muri Cuba ku kibuga ca Revolution square

Mu misa yasomye mu rurima rw'iki espagnol, Papa yabwiye abategetsi ba Cuba kwagura uburenganzira bwa ekleziya katolika muri Cuba.

Yasavye leta kubaha uburenganzira bwo kwigisha ijambo ry'Imana mu mashure, no kuyobora ibigo vya kaminuza.

Mu misa irangiza urugendo rwiwe rw'iminsi itatu, hitabiriye abantu barenga ibihumbo ajana atatu.

Uwahoze ayobora ico gihugu Fidel Castro yiteze kubonana n'uwo mwungere wa ekleziya katolika ejo aho bukera.