Urubanza rw'abaregwa kwica Manirumva

Ibendera y'u Burundi
Image caption Ibendera y'u Burundi

Mu Burundi, urubanza rw’abagandaguye icegera c’uwurongoye ishirahamwe rirwanya gusesagura amatunga ya reta no kurya ibiturire, Ernest Manirumva rwasubiye gusasa. Umwe mubagirizwa icaha yamenyesheje ko atarasoma neza ivyo yagirizwa, ruca rwungururizwa kw’itariki 5 z’ukwezi kuza.

Abagirizwa icaha bose ko ari cumi bari bitavye ubutungane bari kumwe n’abababuranira. Babanje kubabaza ko biteguye kuburana bose baravyemera kiretse umwe gusa yavuze ko atiteguye.

Hari abasavye ko boba baraburana mu kurindira ko uwo wundi yitegurira urubanza rwiwe, ariko sentare yavyanse ngo kuko baregwa mu caha kimwe. Umushingwamanza Isidore Rufyikiri, aburanira Hilaire Ndayizamba, ari we yavuze ko atari yiteguye, yatubwiye impamvu.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aguma asaba ko urwo rubanza rwocibwa vuba, abakoze ubwo bwicanyi bakabuhanirwa. Ariko, haracariho inzitizi nyinshi kuko ayo mashirahamwe avuga ko hari ho bamwe bamwe bafise ico bazi kuri urwo rupfu bari mu nzego zijejwe umutekano mu Burundi, gushika ubu batarabazwa kugira bafashe ubutungane kumenya ukuri.

Ayo mashirahamwe nyene aremeza ko hari ivyabona bizi neza uko ubwo bwicanyi bwagenze vyamaze kwicwa, abandi ngo bakaba binyegeje kubera umutekano wabo. Bitegekanijwe ko urwo rubanza rusubira kuburanishwa ku musi wa kane w’indwi iza.