UNESCO irasaba ikingirwa rya Timbuktu

Timbuktu
Image caption Umusigiti wa kera muri Timbuktu

Umukuru w'igisagara ca Timbuiktu yabwiye BBC ko imirwi yitwaje ibirwanisho yacigaruriye kuva ku munsi w'Imana uheze, ikomeje gusahura ubutunzi ndangamurage bwaho.

Halle Cisse, avuga ko yabonanye n'abo barwanyi, akabasaba gukingira inzandiko n'ibindi bishushanyo vyakozwe n'abahinga muri kahise, mur'uwo muji washizwe na UNESCO mu bibanza bikwiye gukingirwa.

Bwana Halle avuga ko abana bato barimwo abatari hejuru y'imyaka 15 bakwiragiye amabarabara n'inkoho.

Hagat'aho ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare Croix Rouge rivuga ko ririko rigerageza gutangura ibiganiro n'imirwi yitwaje ibirwanisho yafashe imiji yo mu buraruko bwa Mali, kugira yongere kugurura ibikorwa vyo gutabara mur'ako gace.

Croix Rouge ivuga ko vyabaye ngombwa ko rikurayo abakozi baryo b'abanyamahanga inyuma y'aho ububiko bwaryo busahuriwe mu muji wa Gao.

Abantu baharurwa mu bihumbi 200 barahunze ingo zabo kuva aho imirwi y'abarwanyi b'aba Touareg n'aba islam bo mu murwi wa Ansar Edine bafatiye imiji yo mu buraruko bwa Mali.