Igitero c'umwiyahuzi cahitanye 10 iMogadishu

Mogadishiu Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Imodokari za ambulance imbere y'inyubakwa ya National theatre iMogadishu

Abamaze kumenyekana ko bahitanywe n'ico gitero cagabwe mu kibanza gitunganirizwamwo ibijanye n'umuco hamwe n'utugenegene mu muji wa Mogadishiu, ubu bagera kuri 10.

Mu bapfuye harimwo umuyobozi w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu gihugu, kumwe n'uwuyobora inkino za olympics, abandi benshi bakomeretse.

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia Abdiweli Mohamed Ali, yabwiye BBc ko ico gitero cagabwe mu gihe yariko ashikiriza ijambo, akavuga ko catewe n'umwiyahuzi w'umugore.

Yagiriza umurwi wa Al Shabaab ko ariwo wagavye ico gitero.