Turkiya yasavye Siriya guhagarika kurasa

Imirwano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abarwanya leta ya Syria

Turkiya yasavye Siriya guhagarika kurasa ku butaka bwayo nyuma y'aho abantu batatu bakomerekejwe n'inkoho mu nkambi y'impunzi muri Turkiya.

Umwe muri abo bakomerekejwe yari umunye Turkiya asigura indimi.

Impunzi zishika ibihumbi 25 zahungiye muri Turkiya kuva aho imirwano itanguriye muri Syria, ubu haciye umwaka.

Imirwano yabandanije naho hari mu guhera ikiringo co gushika kuwa Kabiri, leta ya Syria yakuye abasirikare bayo mu miji igwiriyemwo abo bitavuga rumwe.

Ico kiringo cashizweko n'umuryango mpuzamakungu, kikaba kiri mu mugambi wo kugarukana amahoro muri Syria.