Uganda: Abanye madini basaba Museveni kuva ku butegetsi

Presida Yoweri Museveni Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Presida Yoweri Museveni

Abakuri b'amadini y'aba Kristu muri Uganda basaba umukuru w'igihugu Yoweri Museveni kudasubira kwitoza ikiringo ciwe nicahera.

Abo banye madini bakoresheje ubutumwa bwa Pasika mu gusaba Museni, amaze imyaka irenga 20 ku butegetsi, ngo ikiringo arimwo ubu kibe ica nyuma.

Ibi abanye madini bo muri Uganda basavye vyiyongeye ku bimaze igihe bisabwa n'abatavu rumwe n'ubutegetsi bwa Museveni, babona yuko Uganda ikeneye guhindura ubutegetsi ku rwego rwo hejuru.