Mali: Perezida mushasha yarahiye

Diouncounda Traore Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption President musha nfatakibanza wa Mali Diouncounda Traore aramutsa abaje mu kiganiro ciwe

Perezida w'infatakibanza Diouncounda Traore, yarahiye kubahiriza ibwirizwa nshingiro n'ayandi mategeko, no kubungabunga intwaro rusangi muri Mali.

Ubutegetsi bufise iminsi mirongo ine yo gutegura amatora, ariko umunyamakuru wa BBC ari mu burengero bwa Afirika avuga ko ico kiringo kitazokoroha kubahiriza.

Ikibanza kizohabwa abahiritse ubutegetsi bwa Amadou Toumani Toure ntikiramanyekana neza.

Kuva bakuyeho leta ya A T Toure, aba tuareg n'abandi barwanyi begamiye idini rya Islam barigaruriye igice kinini c'uburaruko bw'igihugu.