Ikigega FMI cemeza ko ubutunzi bwanagutse

IMF Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ikimenyetso ca FMI ku cicaro cayo Washington

Mw'igenzura giheruka gukora, ikigega mpuzamakungu kivuga ko ibiciro vy'igitoro n'ikibazo co mu karere gakoresha ifaranga rya Euro, arivyo biteye umwitwarariko.

FMI igabisha ko isambuka ry'ako karere ka Euro naryo ritofatwa nk'ikintu kidashobora gushika.

Kandi ngw'ivyo biramutse bishitse bishobora kugira ingaruka nyinshi ku butunzi bw'isi, ziryuta izabaye kw'ikoroka ry'ikigo c'imigabane ca Lehman Brothers mu 2008.

Ariko rero ikigega mpuzamakungu FMI kivuga ko biboneka ko ivyago vyo kwinjira mu bihe vy' indindira ry' ubutunzi bikomeye bitanguye kugabanuka ugereranije n'uko vyagaragara mu mezi aheze.