Sudani y'epfo yakuye ingabo muri Heglig

SPLA ziraja Heglig Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Imodoka za SPLA (Ingabo za Sudani y'epfo) ziriko ziva Bentiu zigana Heglig 17/04/2012

Itangazo ry'umukuru w'igihugu wa Sudani y'epfo Salva Kiir, niryo rimenyesha ko mu kiringo c'iminsi itatu ingabo za Sudani y'epfo zizoba zavuye zose muri Heglig.

Ivogerwa ry'ako gace ryari ryateye impungenge ko hagiye kongera kuba intambara hagati y'ibihugu bibanyi vya Sudani zompi.

Iryo fatwa rya Heglig, igice gifatwa nk'ikigega c'ibitoro ca Republika ya Sudani, ryatumye amakungu anegura Sudani y'epfo.

Ishirahamwe mpuzamakungu n'ubumwe bwa Afrika vyari bimaze gusaba Sudani y'epfo kurekura ako gace ka Heglig.