Bashir: Ntabiganiro bishoka n'abo mu bumanuko

Presida Obam al Bashira mu nama y'umugambwe uri ku butegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Presida Obam al Bashira mu nama y'umugambwe uri ku butegetsi

Umukuru w'igihugu ca Sudani, Omar al Bashir, yavuze ko ata biganiro bizobaho na Sudani y'ubumanuko nyuma yaho indege ziwe zigabiye igitero mu bumanuko.

Yavuze ko ururimi rwonyene leta ya Sudani y'ubumanuko itahura ari urw'inkoho n'amasase.

Bwana al-Bashi ivyo yabivuze igihe yashikiriza ijambo abasirikare hafi y'akarere kagwiriyemwo ibitoro ka Heglig, kamaze iminsi cumi kari mu minwe y'abasirikare ba Sudani y'ubumanuko.

Kare indege za Sudani zateye ibisasu ku soko iri hafi y'umuji wa Bentiu, hapfa umuntu umwe.

Umwe mu bajejwe intwaro muri Sudani y'ubumanuko yavuze ko ico gitero cunyuye ibintu ku buryo bukomeye.

Ejo kuwa Mungu, Sudan y'ubumanuko yavuze ko yahevye ivyo kwigarurira akarere ka Heglig, kari kateje ukwaduka kw'imirwano ya mbere ikomeye imaze kuba kuva aho ubumanuko buronkeye ukwikukira mu mwaka uheze.