Chelsea yaraye itunguye Barcelona

Chelsea yatsinze Barcelona Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Chelsea yatsinze Barcelona

Umurwi wa Chelsea wo mu Bwongereza watunguye igihange Barcelona cyo muri Espagne ukibuza kongera gutwara igikombe cy'uburayi mu mupira w'amaguru.

Chelsea yanganyije na Barcelona muri Espagne ibitego 2-2 mu gihe mu mukino wa mbere wabereye i Londres, Chelsea yari yatsinze Barcelona igitego 1-0.

Ibyo byatumye rero Chelsea yegukana itike yo kuzahatanira igikombe cyari gifitwe na Barcelona muri iki gihe.