Leta ya Romania yakombowe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Leta ya Romania yakuweko icizere

President wa roumania yagenye umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Victor Ponta kuba umushikiranganji wa mbere, inyuma y'aho leta yahahora ikuriweko icizere.

Iyo leta y'umushikiranganji wa mbere Mihai Ravzan Ungureanu yar'imaze amezi abiri gusa ku butegetsi.

Bwana Ponta, asanzwe ayobora uruhande rutavuga rumwe n'ubutegetsi, yasabwe kuyobotra leta kugeza ku matora ateganijwe mu kwezi kwa 11.

Umushikiranganji wa mbere ahavuye yakase imishahara aduza n'amakori mu ntumbero yo kubahiriza ingingo z'ibihugu vya Bulaya biri mu bukene zo gutubika umukanda.

Ariko abamunegura bavuga ko izo ngingo zatumye ubutunzi bucumbagira gusumba.