Imirwano muri Kivu: ibihumbi 5 bamaze guhunga

Perezida Joseph Kabila
Image caption Perezida Joseph Kabila

Ishami rya ONU riraba impunzi ryemeza ko abantu ibihumbi 5 bamaze kuvanwa mu vyabo n'intureka iriko irabera mu buseruko bwa republica iharanira Demokrsi ya Congo.

ONU ivuga ko abashika ibihumbi 3 bahungiye mu Rwanda abandi ibihumbi 2 bakaba bahungiye mu gihugu hagati.

Abantu bahunga intanbara hagati y'ingabo za leta n'abagwanyi bayoboka umujeneral yikuye mu gisirikare ca leta Bosco Ntaganda asanzwe aronderwa na sentare mpanavyaha mpuzamakungu.

Abategetsi ba Congo uno munsi bagirije Jeneral Ntaganda kuba yatumye abasirikare amajana n'amajana batoroka igisirikare baca bamenyesha ko bagiye kumufata.