LONI gufatira ibihano Sudani zombi

Abasirikare ba Sudan Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare ba Sudan

Inama ijejwe umutekano muri ONU ivuga ko igiye gufatira ibihano Sudan zompi hamwe zitohagarika kugwana iyo nama yameje ata n'umwe avuyemwo ingingo iha ivyo bihugu 2 amasaha 48 kugira bibe vyahagaritse intamnbara n'indwi 2 kugira bibe vyatanguye ibiganiro .

Haheze iminsin itari mike intamnbara yadutse mu ntara zitari nke ziri ku rubibe ivyo bihugu bihana.

Sudan y'amajepfo ikaba yifatiye intara y'ibitoro vyinshi ya Heglig isanzwe yegukira Sudan.

Sudan ivuga ko ubu yasubiye kuvoma ibitoro muri Heglig kuva aho ingabo za Sudan y'amajepfo zihaviriye.