Biciwe mu isoko ry'amatungo

Nigeriya
Image caption Nigeriya

Abantu batari munsi ya 34 baguye mu gitero cagabwe kw' isoko ry' ibitungwa mu muji wa Potiskum uri mu buraruko bwa Nigeria.

Ababibonye bavuga ko bene gutera bugaye amarembo y' iryo soko ryubakiye, bazibirana abadandaza n' ibitungwa vyabo, baca batangura kurasa no guturira urugo ruzengurutse iryo soko.

Igipolisi kivuga kw' ico gitero gisa n' ico kwihorera ikindi bashatse kugaba ejo ariko ntivyakunda, aho umwe mu bari mu murwi w'abasuma b' ubitungwa yeteye mur' iryo soko ariko agaca apfatwa akicirwaho.