Tymoshenko abangamiye irushanwa ry'umupira i Burayi

Julia Tymoshenko Uwufise ububasha kw’isanamu Liga.net
Image caption Julia Tymoshenko

Perezida w'uburusiya aherutse gutorwa Vladimir Putin nawe yinjiye mu mpari z'itunganywa ry'igikombe c'umupira w'amaguru mu bihugu vya bulaya muri Ukraine na Pologne mu kwezi kuza.

Abanyepolitike mu buholande hamwe n'abandi bategeis ba bulaya bavuze ko batazokwitaba inkino zizobera muri Ukraine kubera ingene uwahoze ari umushikiranganji wayo wa mbere Yulia Tymoshenko afashwe mw'ibohero.

Ubu ariko ariyicisha inzara avuga ko bamukubitiye mw'ibohero.

Ariko Putin yavuze ko politike n'inkino bidakwiye kuvangwa yongera amenyesha ko ataco vyomutwara hamwe Tymoshenko yoja kuvurirwa mu Burusiya.

Yanahakanye ko ata na kimwe coba catumye apfungwa mu masezerano yagiraniye n'uburisiya kubijanye na gaz.