Muri Kongo ibintu bitera biba bibi

Impunzi z'abanye Kongo
Image caption Impunzi z'abanye Kongo

Ishami ry'umuryango mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR, rivuga yuko ibihumbi vy'abantu mu buseruko bwa Kongo bateshejwe izabo.

Bahunga imirwano hagati y'abasirikare ba leta n'abashigikiye general Bosco Ntaganda.

Umuryango mpuzamakungu uvuga yuko kuva ku munsi wa Mungu, hafi y'ibihumbi 20 vy'abantu bahunze berekeza umuji wa Goma, nayo abantu bashika igihumbi ku munsi bajabuka urubibe berekeza mu Rwanda.

Habaye imirwano ikomeye hafi ya Goma, aho igisirikare kiriko kiregereza ibirindiro vya Gen Bosco Ntaganda.

Haravugwa kandi itoroka ry'abandi basirikare basanze bagenzi babo bahorana mu muhari CNDP, bamaze igihe bahanganye n'ingabo za leta biyonkoyeko, bari kumwe na general Bosco Ntaganda.