Mu Burundi bongeye kwica nyamweru

Mu Burundi, umwana umwe w’umunyamwema yagandaguwe n’abantu bataramenyekana. Uwo mw’igeme yari afise imyaka 15, abagizi ba nabi bakaba bamusanze muhira iwe muri komine Kabezi iri mu ntara ya Bujumbura Rutral, ku birometero cumi na bitanu uvuye ku mugwa mukuru Bujumbura. Abaye umunyamwema agira 18 yishwe kuva batanguye guhigwa buhongo mu 2008.

Abo bagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho bateye ari mw’ijoro, ku muhana w’uwo mwana basanga si ho yaraye, baca bafata nyina wiwe ngo aje kubereka aho yaraye nk’uko bivugwa na Kasim Kazungu arongoye ishirahamwe ry’abanyamwema mu Burundi.

Kazungu yavuze ko uwo mwana bamwishe bamuciye ijosi n'amaguru n'amaboko basiga igihimba cyonyine.

Uburongozi bwa komine kabizi, aho uwo mwana yavuka buvuga ko abo bateye bari ndwi, kandi ko bari barita ku rutare kugira bafatwe bashikanwe imbere y’ubutungane.

Kuva mu mwaka 2008, abanyamwema bamaze kwicwa bashika kw’icumi n’umunani, inkozi z’ikibi na zo zari zimaze gufatwa zagirizwa ubwo bwicanyi zikaba ari 18 nyene, mbere bamwe muri bo bakaba bari bafatanywe itonga.

Igiteye ubwoba n’amakenga abanyamwema muri kino gihe, ngo n’uko izo nkozi z’ikibi zose zamaze gutoroka ibohero, ubu akaba atawuzi irengero ryabo.