Intwaro mu murima wa Jenerali Ntaganda

Jenerali Bosco Ntaganda
Image caption Jenerali Bosco Ntaganda

Amatoni 25 y'ibigwanisho yatowe mu buseruko bwa republica iharanira demokrasi ya Congo mw'iraro rya jenerali Bosco Ntaganda yiyonkoye mu gisirikare ca leta.

Umukuru w'ibikorwa vya gisirikare muri ako karere jeneralI Innocent Gahizi yabwiye BBC ko inkoho nini nini, izisanzwe hamwe n'ama grenades vyatowe mu bibanza bitatu.

Jenerali Ntaganda asanzwe aronderwa na sentare mpamavyaha mpuzamakungu ku vyaha bihambaye ashobora kuba yarakoze.

Bivugwa ko yoba yinyegeje mu kibira ca Virunga hafi y'urwanda nyuma yaho atorokeye igisirikare c'igihugu.