Imyigaragambyo y'abakozi mu Bwongereza

imyigaragambyo Londres
Image caption imyigaragambyo Londres

Mu bwongereza ibihumbi n' ibihumbi vy'abakozi ba leta bagiye muri yegereyegere kubera imishahara yabo n ingingo ya leta yo guhindura ibijanye n'amafaranga bahora baziganirizwa abafasha bamaze gukukuruka.

Abakozi bo mu nzengo zo hejuru, abakora mu gisata kijejwe gucungera uruja n' uruza rw'ingenzi, abigisha ba kaminuza kumwe n' abo mu gisata c'amagara y'abantu bari mu bagiye mur' iyo yegereyegere.

Eka n'abapolisi batari basanzwe bari mu kazi nabo babonetse mu mabarabara ya Londres.

Leta ivuga ko guhagarika kwongera imishahara no gusubiramwo ibiraba pansiyo ari nkenerwa kuko bigumye uko bimeze ubu leta itoshobora kubiriha.