Sudan ishobora kuregwa ivyaha vyo mu ntambara

Navi Pillay Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Navi Pillay

Umukuru w'urwego rwa ONU rujejwe agateka ka zina muntu,Navi Pillay, yavuze ko ibitero vy'indega za Sudan kuri Sudan y'epfo bishobora gufatwa nk'ivyaha vyo mu ntambara.

Pillay asanzwe ariko aragendera umurwa mukuru wa sudan y'epfo, Juba, yiyamirije ivyo bitero avuga ko vyatumbereye n'ibigirankana abanyagihugu basanzwe.

Mu ntango z'iyi ndwi sudan y'epfo yagirije Khartoum kugaba ibitero vy'indege ku butaka bwayo irenga ku ngingo ya ONU yo guhagarika intambara.

Khartoum yagiriza Sudan y'epfo gushigikira inyeshamba ziyigwanya leta yayo.