Amasura(abatangabuhamya) yaraguzwe-Charles Tayor

Charles Taylor muri sentare Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Charles Taylor muri sentare

Uwahoze ari umukuru wa Liberia Chales Taylor, yabwiye sentare mpuzamakungu mpanavyaha i Lahe ko amasura yahawe amafaranga kandi agaterwa ubwoba n'umushikirizamanza kugira amwagirize.

Charles Taylor yamaze kwagirwa n'ivyaha vyo mu ntambara yavuze mu gihe arindiriye kumenya igihano azokatirwa mu kwezi kuza.

Charles Taylor yabwiye abacamanza ko akuze ata kibi yoba agikorera abantu abasaba ko ugusubizahamwe arivyo boshira imbere mu gikorwa cabo.