Mu Misri hazoba amatora ya kabiri ya perezida

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Iharurwa ry'amajwi yavuye mu amtora mu Msri

Ibiharuro vy'infatakibanza vyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu mu Msri vyerekana ko hazorinda kuba ayandi matora ya kabiri.

Ayo matora nk'uko ibiharuro nfatakibanza bimaze kuvyerekana, azohuza umu candidat w'umugambwe Muslim Brotherhood Mohammad Morsi azohiganwa na Ahmed Shafiq, yahoze ar'umushikiranganji wa mbere.

Hamdeen Sabbah nawe aza ubwa gatatu.

Hamwe hobura uwukwiza aamjwi arenga 50% nk'uko bimaze kunurwanurwa, babiri bari imbere bazoca basubira kwitoza mu kwezi kuza.

Ibiharuro ntabanduka kur'aya matora ya mbere bizomenyekana mu ndwi iza.