Navi Pillay asaba gukura ibihano kuri Mugabe

Navy Pillay Uwufise ububasha kw’isanamu UNIS
Image caption Navy Pillay umukuru wa commission ijejwe kubahiriza agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe mpuzamakungu

Inyuma y'urugendo yaherukamwo muri Zimbabwe, Navi Pillay yasavye ibihugu vya Bulaya gukura ibihano vyafatiwe president Robert Mugabe n'abamushigikiye.

Avuga ko ivyo bihano bibabaza abanyagihugu ba Zimbabwe bakenye, ariko ivyo Ubwongereza n'ibindi bihugu vyarabihakanye kuva kera.

Navi Pillay yahamagariye kandi abagize leta ya Zimbabwe gutorera umuti ibibatandukanya, bakitaho ibikeneye guhinduka mu gihugu.

Avuga ko bitagenze uko amatora yimirije azosubira kuba nk'uko yagenze mu 2008, aho yaranzwe n'imigumuko kumwe n'ubugizi bwa nabi.