Mu Misiri abapolisi baciriwe gupfungwa

Imyiyerekano mu Misiri Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imyiyerekano mu Misiri

Mu Misiri sentare yaciriye urubanza rwo gupfungwa abapolisi batanu kubera uruhara bagize mu kwica abantu bari mu myiyerekano mu mugumuko watembagaje prezida Hosni Mubarak.

Bazoba aribo bapolsi ba mbere bagiye mu munyororo kubera ico caha. Ariko urubanza rwabo rwaciwe impaga n'ukuvuga atariho bari , bisigura ko bazoshirwa imbere ya sentare kandi hamwe bofatwa.

Abanyagihugu barashavuye kubona ata mupolisi n'umwe arapfungwa kandi hishwe abantu bashika amajana umunani. Bizigiye ko ibintu bizohinduka inyuma y'amatora yimirije.