Lydia Nsekera agiye muri FIFA

Nsekera abaye umugore wa mbere muri FIFA Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Nsekera abaye umugore wa mbere muri FIFA

Lydia Nsekera niwe abaye umugore wa mbere yinjiye mu rwego nshingwabikorwa rw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA.

Asanzwe ariwe arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB.

Azobanza amare umwaka akora imbere y'uko atorwa icese ngo abe umugore yinjiye mu rwego nshingwabikorwa rwa FIFA mu 2013.

MU nzira yo kurondera kurwanya kurya ibiturire mu nzego zayo, FIFA yanagenye umugwizatunga wo muri Swisse Domenico Scala ngo arongore urego rushasha rwo kugenzura ingene iryo shirahamwe risohora miliardi y'ama dollars rikoresha buri mwaka.