Ibihano bikomeye mu rupfu rwa Manirumva

Ernest Manirumva Uwufise ububasha kw’isanamu it
Image caption Ernest Manirumva

Abashingwamanza,abagirijwe icaha n'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike bavuga ko n'ubu ukuri kutaramenyekana.

Hari haheze imyaka itatu Ernest Manirumva agandaguwe. Yari icegera c'umukuru wa OLUCOME,ishirahamwe rigwanya ibiturire mu Burundi.

Abantu 14 bagirizwa kugira uruhara muri iryo gandagurwa baciriwe urubanza. Umunani bahawe umunyororo wo guherayo, batatu imyaka 20 abandi batatu nyene imyaka 10. Abahinga b’abanya Amerika barafashije mu matohoza

Mu bashengejwe imbere y’ubutungane n’umushikirizamanaza wa republika nta n’umwe yagizwe umwere.

Ariko batatu muri abo 14 ntawuzi iyo aho bari harimwo n’umugwizatunga Rwasa Salvator.

Sentare nkuru y’igihugu mu gisagara ca Bujumbura yabashize mu migwi itatu.

Abagirizwa kwica Manirumva ni 8, baciriwe umunyororo wo guherayo.

Abafashije mu gukora ico kibi ni 3, baciriwe imyaka 20.

Hari n’abari babizi ntihagira ico bakora .nabo ni 3 nyene baciriwe imyaka 10.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike co kimwe n’ababuranira abagirijwe icaha biyamirije ivyavuye muri urwo rubanza.

Bavuga ko bitabatangaje nk’uko vyavuzwe n’umushingwamanza Isidore Rufyikiri aburanira Hilaire Ndayizamba yaciriwe urubanza rw’umunyororo wo guherayo.

''Mu matohozwa yakozwe, harimwo n’ayo abahinga ba FBI b’abanyamerika, hagiye haravugwa amazina y’abategetsi b’igipolisi bamwe bamwe bakomakomeye muri ubwo bwicanyi, mbere bakanasaba ko bofatwa ibipimo vya ADN kugira ukuri kuje ahagaragara. Abagirizwa bagumye bataka batakamba ko abo bantu boshikanwa imbere y’ubutungane ariko sentare ntiyavyemera''

Bamwe mu bagirizwa ntibashikirije imburano zabo.

Elie Ntungwanayo avugira parquet ya Bujumbura avuga ko sentare yonyene ariyo ifise ububasha bwo gutumako uwagirizwa icaha.

Abaciriwe ivyo bihano bafise uburenganzira bwo kwunguruza.