Bulaya:ubutunzi busubiye inyuma imyaka 3

Angela Merkel w'Ubudagi na Francois Hollande bari mu nama Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Angela Merkel na Francois Hollande bari mu nama

Ibikorwa vy'ubutunzi ku mugabane wa Bulaya vyasubiye inyuma ku rugero rwa mbere runini mu myaka itatu iheze muri uku kwezi kwa gatanu.

Bitangazwa n'ikigo gikora amatohoza ku butunzi Markit.

Urupimo rwaco rufatiye ku mirimo imwe imwe nk'amahinguriro rwamanutse gushika kuri 45.9 mu kwa gatanu, n'ukuvuga hasi y'ahop rwari mu mezi 35 aheze.

Ifaranga rya Euro naryo ryaciye rikoroka rivunjwa dollar 1,2515.

Ni munsi y'aho ryari mu mezi 22 aheze.

Inama y'abategetsi b'umuryango wa bulaya yabaye kur'uyu wa gatatu ntiyashoboye kwizeza amasoko kuko batahuje ku nzira zo gutorera inyishu ibibazo bihari.

Umukuru w'Ubufaransa Francois Hollande asaba ko ibihugu vyoja hamwe mu guhangana n'ikibazo c'imyemda kugira ibikeneye ingurane biyironke ku nyungu nto.

Ariko ministre wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel ntavyemera gushika ku mugabane wa Bulaya wose hafashwe ingingo zo kugabanya amafaranga ama leta akoresha.

Ikibazo ca politike mu Bugiriki naco nyene caravuzwe.

Abategetsi ba Bulaya bavuze ko bifuza ko Ubugitiki bwoguma mu mugwi w'ibihugu bikoresha ifaranga rya Euro.

Ivyo bibusaba kwubahiriza ingingo zo gutubika umukanda.

Amatora yimirije niyo azokwerekana iyo ibintu bitera bija.

Imigamwe iterekwa izo ngingo ishobora kuyatsinda.

Abahinga mu vy'ubutunzi bavuga ko hamwe Ubugiriki bwova muri Euro vyogira ingaruka zikomeye ku butunzi bw'isi.